UBUTUMWA KU BO NAHORA NITA ABAGENZI CANKE INCUTI ZANJE.
Ncuti namwe nahora nita abagenzi mwese abari mu Burundi n’abari mu mahanga mwese,
Amahoro y’Imana abane namwe,nipfuje kubayagisha gatoya,mfatiye ukuntu twamenyanye,uko twagendanye,ivyo twasangiye(ivy’impwemu n’ivy’umubiri)nibutse ibiyago twahora tuyaga,ndavye uko nakuziga n’urukundo nagukunda,kandi nibaza ko nawe unkunda,ndavye ingene usanzwe uzi neza ivyambayeko ngira nkwize imyaka 3 mw’ibuye,urabizi ko mfise umuryango kandi munini,ndavye ingene wabimenye n’uko wavyitwayemwo igihe cose nakwituye,nagira ndagushimire cane kuvyo washoboye kumfasha,nongere nkwibutse ko hataribwo hagere ko murambirwa mukunta nk’akanuka!ya Mana ndakobeje kuyitakambira,nawe umfashe isengesho,kumbure Izogira ikigongwe inkure hano.Uruzi rw’umubabaro,amagerahezwa mu mpande zose ruriko rurandengera,ariko siniteze gusoma nturi.Gusa natahuye ko iyi si idasakaye uwari we wese bishika akisanga yanyagiwe!Reka kunyankishwa n’ibihe ndiko ndacamwo,bizohera dusubire guhura kandi tuzosubira dukeneranire!murakoze kuntahura,naho mbona mwese mwajinyitse mukumpeba kandi nanje ndi muruyu mucanwa,ndiko ndababazwa cane,ufate akanya gatoya wiyumvire iy’uba jewe nk’umuntu wambayumubiri uko wovyumva ?Ariko Imana Izobikurinde!Ndabona Ko kuba muranyihoza mwabigize umugambi,reka mbe ndigumanira n’Imana.Mubandanye kunsabira vyovyo ku Muremyi,murakoze kunyumviririza,ibisigaye Mpwemu Yera azobibahishurira,muroranigwe muri vyose,muhezagirwe musanzwe mwarahezagiwe.Murakoze cane