Ngozi : Abantu batanu bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Abantu batanu bitavye Imana, abandi batanu nyene barakomereka, amazu nayo y’ubudandaji agera kuri 11 arasambuka, mw’isanganya ry’imodoka y’ishirahamwe mpuzamakungu PAM, mu gatondo ko kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi.

Amakuru ava ku mutumba Rwizingwe ahabereye iryo sanganya, amenyesha ko iyo modoka ya PAM yataye ibarabara ica ihitana abo bantu, hamwe n’amazu yabomotse.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko inzu zabomotse, ari iz’abantu bari basanzwe babamwo ziri hafi y’ibarabara.

Ivyo bitigiri vy’abahitanwe n’iryo sanganya hamwe n’abakomeretse ni ivy’imfatakibanza, kuko ibikorwa vy’ubutabazi ku baguweko n’amazu bikibandanya.