Umukuru w’umugambwe utavugarumwe na Reta ya Joseph Kabila KABANGE, Félix Tshisekedi yamenyesheje ko adashobora kugiranira ibiganiro n’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kubijanye no kuba umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu.
Mu nama yahuje abanywanyi b’umugambwe UDPS urongoye na Felix TSHISEKEDI yamenyesheje ko amakuru avugako ashaka kugirwa umushikiranganji wa mbere w’igihugu ari ikinyoma cambaye ubusa.
Felix TSHISEKEDI yavuze ati:“Nta biganiro biriho kubijanye n’ikibanza c’umushikiranganji wa mbere kuko umugambwe wanje wantoreye kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, vyogenda gute nkamanurwa igiti nkaba umushikiranganji wa mbere?”
Félix Tshisekedi yamenyesheje ko ihangiro bihaye mu mugambwe wabo ariyo gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mpera z’uyu mwakan wa 2018 kugira agarukane igihugu ku murongo mwiza.
Félix Tshisekedi n’umuhungu wa Etienne Tshisekedi WAMULUMBA yahoze atavugarumwe na Reta ya Joseph KABILA yitavye Imana ku mwaka uheze,umuhungu wiwe abona gutorwa mu mugambwe kugira asubirire se wiwe.