Ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyashize umukono kw’itegeko rigenga impamba ihabwa abakozi ba Reta

Icegara ca mbere c’umukuru w’igihugu ari kumwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bashize umukono kw’itegeko rigenga ingene abakozi ba Reta bahabwa impamba iyo bagiye gukorera hagati mu gihugu canke hanze y’igihugu. Iryo tegeko rimenyesha ko, inyuma y’urugendo rw’akazi abo bakozi batanga icegeranyo, imbere y’uko iminsi indwi ihera, bavuye mu rugendo.

Nk’uko biri muri iryo tegeko ryateweko umukono kuwa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, uwusaba uruppuro rumuha uburenganzira bwo kuja gukorera hagati mu gihugu canke hanze y’igihugu, ategerezwa kwerekana ingene urwo rugendo ruteguwe, ico rumariye igihugu, aho bihuriye n’ivyo reta yihaye gushikako, ico barwitezemwo ku gihugu.

Muri iryo tegeko, ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu bisigura kandi uko amafaranga ahabwa umukozi wa Reta agiye mu gihugu hagati, canke hanze y’igihugu bivanye n’ikibanza afise mu bushikiranganji.

Iryo tegeko rivuga ko, umuntu afise ikibanza nk’ico umushikiranganji, agiye mu rugendo rw’akazi hanze y’igihugu, ahabwa amadorare 350 kw’ijoro rimwe, abayobozi bakuru n’abandi bafise ibibanza nk’ivyo abayobozi bahabwa amadorare 300 kw’ijoro rimwe, mu gihe abandi bakozi bahabwa amadorare 200.

Ku bagiye mu rugendo rw’akazi hagati mu gihugu, uwufise ikibazna c’umushikiranganji ahabwa amafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi kw’ijoro rimwe, umuyobozi 36000 vy’amarundi, uwukorera mu buyobozi ahabwa 30000 vy’amarundi, mu gihe umukozi asanzwe ahabwa 20000 vy’amarundi.

Iryo tegeko ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, rimenyesha ko mu gihe umukozi wa Reta agiye mu rugenda atararayo, ahabwa ibice 40 kw’ijana vyayo yohawe mu gihe arayeyo.