Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yabonanye na mugenzi we atwara igihugu ca Koreya y’Epfo Moon Jae-in kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018,mu gace kari k’urubibe ivyo biguhu bihana urubibe bakaba bamaze ikiringo c’icakabiri c’umunota bafatanye ukuboko.
Amakuru dukesha urubuga rwa France 24 amenyesha ko, igihe umukuru w’igihugu wa Koreya y’Epfo Moon Jae-in yaha ikaze mugenzi we yagize amakenga ariko Kim Jong Un kubwiwe ata makenga vyamuteye, kuko yaciye amufata ukuboko kugira bajabuke urubibe.
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihuhu ya Koreya y’Epfo yamenyeshejeko umukuru w’igihugu Moon Jae In yabajije mugenzi we igihe yipfuza kugira nawe akore urugendo mu gihugu ciwe,Kim Jong Un yamwishuye ati :« Kuberiki hatoba ubunyene ? »
Ayo makuru abandanya avuga ko abo bakuru b’ibihugu bibiri barangwa n’akanyamuneza kandi bahawe amashurwe y’ikaze n’abana baba mu gace kaho bahuriye hafi y’urubibe rw’ivyo bihugu bibiri, kuko kuva mu mwaka w’i 1953 ata mutegetsi n’umwe ava mu gihugu ca Koreya ya Ruguru yari bwafate urugendo aja muri Koreya y’Epfo.