« Haracari abagumyabanga bakiboshwe n’agatima ko kugumuka » – Petero NKURUNZIZA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko umugambwe CNDD-FDD Imana iwukunda, ariko ko hari abanywanyi bawo bakiboshwe n’ubukozi bw’ikibi. Abahamagarira kubohoka, bakore ku neza y’abarundi bose.

Mu gihe kuwa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016, umugambwe CNDD-FDD wari watunganije amasengesho yo guhimbaza Imana, no kwibuka imyaka itatu iheze ushize imbere umukuru w’igihugu kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yavuze ko hageze igihe co kwirimbura, no gushimira Imana kuvyo yakoze.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yagarutse ku vyaranze umwaka wa 2015, aca avuga ko wari umwaka ukomeye kandi ko ibihe abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD barimwo ata wundi yari kubibakuramwo atari Imana.

Yisunze ivyabaye mu mwaka wa 2015, umukuru w’igihugu yavuze ko vyerekanye ko igihugu kidatwarwa n’abanyabwoba, kandi ko muri uwo mwaka wa 2015 batiwe bongera baca mu cigwa.

Petero NKURUNZIZA aramutswa igihugu c’Uburundi yavuze ariko, ko hakiri abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bakiboshwe n’ukugumuka, akagaye, ukurenganya, ishari n’ibindi, aca abasaba kubohoka.