Urugendo mu Burundi rw’umukuru w’igihugu wa Somaliya

Umukuru w’igihugu ca Somaliya aritezwe mu Burundi mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri azogira kuva kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 29 gushika ku munsi wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.

Mw’ikete ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwandikiye ubushikiranganji bw’umutekano, busaba ko ingingo z’umutekano w’uwo mukuru w’igihugu zofatwa.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi bumenyesha ko umukuru w’igihugu Mohamed Abdullahi Mohamed azoba aje kurorera urukino rw’igice ca nyuma c’ihiganwa rya CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y’abatarenza inyaka 17.

Urwo rukino ruzobera mu ntara ya Gitega ku kibuga citiriwe INGOMA (Stade INGOMA) ruzohuza imirwi ya Somaliya na Tanzaniya.