
Hari kwigenekerezo rya 29 Ndamukiza umwaka wa 1972, aho intwaro ya Micheli Micombero yashira mu ngiro umugambi wo kumara abahutu bari basanzwe bangana na 80% kugira ngo basigaze abangana na 15%. Aho rero barondeye ivyo bobagiriza kugira ngo bashobore kubahonya. Babise ngo ni abamenja, mukwica bahera kubasirikare, abashikiranganji n’abandi bakozi ba Leta bose, abapatiri n’abamenyeshamana, abanyeshure ba kaminuza n’abo mumashure yisumbuye; abadandaza n’umuhutu wese yoba yarazi gusoma no kwandika. Igihugu cuzura amaganya n’amarira, amaraso n’agahinda maze impfuvyi n’abapfakazi babura ayo bacira nayo bamira. Abacikacumu buzura isi yose, izo mpunzi , impfuvyi n’abapfakazi zifatanije n’abarundi bakunda ukuri, rero nizo ziriko zirasaba yuko ukuri kwoja ahabona. Abishe abo bahutu n’abatutsi ntibigeze ntibigeze bagira ico binona gushika n’uyu musi, nico gutuma mugihugu c’Uburundi, mu bubiligi no mu gihugu ca Kanada abarundi bakora ivyo birori bakanasaba Leta kugira ico ikoze kugira ngo ukuri kumenyekane. Ivyo birori mukubitunganya bakora imisa, bagakora urugendo rushira amashurwe kuvyibutso hanyu magakoranira hamwe kugira bibukanye uko vyagenze.
Une réflexion sur “Burundi- Ububiligi-Canada: Abarundi isinzi baributse imyaka 46 iheze Leta ya Michel Micombero ihoneje abahutu.”
Les commentaires sont fermés.
A reblogué ceci sur Peuples Observateurs Avant Garde Togolaise et Africaine.
J’aimeJ’aime