Dusangire amajambo y’Imana: “ Ntukagire ico wongeramwo canke ukuramwo “

« WITONDERE (NITONDERE) IJAMBO RY’IMANA ATACO DUKUYEKO, KANDI ATACO TWONGEYEKO. »

Mu migani 8: 17,

Havuga ngo:

* »Nkunda abankunda kandi abandondera ubudahumeka bazombona. »*

Imana Iradukünda, mugabo, Irapfuha kandi ntigomba Umuntu w’indryarya avuga ko ayikunda k’umunwa gusa!!!

Dawidi yavuze ngo: * »Nabitse ijambo ryawe m’umutima wanje, kugira ngo noye kukugucumurako. »*

Zaburi 119: 11

ongera aravuga ngo:

* »Nzonezererwa ivyo washinze sinzokwibagira ijambo ryawe »*

Zaburi 119: 16

Imitima yacu ikwiye kuba ububiko bw’ijambo ry’Imana ntitubikeyo ibitagira ikimazi bituzanira urupfu.

Tumere nka Dawidi yabitse Ijambo ry’Imana m’umutima wiwe,

rikamurinda gucumura ku Mana yiwe.

Amajambo dusoma muri BIBILIYA YERA hamwe nayo twigishwa ntace m’ugutwi kumwe ngw’asohokore m’ukundi,

Kandi tuyitondere,

Maze Yesu na Data na Mpwemu bace baza babane natwe.

Yohana 14: 23

* »Yesu aramwishura ati Ni hagira ünkünda, azokwitondera Ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we. »*

Kuvuga ijambo ry ‘Imana biroroshe kandi abantu benshi barabikora, ikigoye n’ukuronka üsa n’Ijambo ry’Imana avuga,

Abitwa ko bamenye Imana binjira mu nsengero zitandukanye baravuga Ijambo ry’Imana keeeenshiiii,

Ariko biragoye ko bitondera Ijambo ry’Imana bavuga, bumva buri munsi,

Ndetse n’abapagani na bo usanga benshi amajambo y’Imana bayazi mbere bakanayavuga, n’imborerwa iyo ziborewe usanga zimwe ziriko ziraririmba indirimbo z’Imana,…

Ariko *iyo havuzwe ijambo ryo kwitondera Ijambo ry ‘Imana aho bica biguma, benshi bikanka mbere ko basa n’ivyo bavuga.*

Yesu yavuze ngo:

* »Üwitondera Ijambo ry’Imana ni we ankünda kandi twe na Data na Mpwemu tuzoza kuri we tubane (Yoh.14:23). »*

Umuntu wese atitondera Ijambo ry’Imana n’umwansi wa Yesu!!!

Bene Data, twiyubare ntituvuge Imana ariko ibikorwa dukora bigaragaza ko tutayizi!!!

Niwibaze nanje nibaze: *-Mbega Ijambo ry ‘Imana uvuga uraryitondera❓*

*-Mbega amajambo y’Imana uzi, umaze kwumva, umaze kwigishwa,.. yooosee urayitondera❓*

Imana Idutabare.

*Mwene So NDUWAYEZU Jacqueline.*

Tél (Whatsapp): (+257) 76 485 650