Imyaka 46 iraheze Umwami Karori Ndizeye n’abahutu bababa ibihumbi amajana atatu bishwe bunyamaswa na Reta ya Micombero

Imyaka 46 irarangiye umwami Karori Ndizeye agandaguwe bunyamaswa, ndetse gushika n’ubu akaba atawuraca ikanda aho yahambwe, n’aho abahinga bamaze kurondera aho yashinguwe bakabura. Abarundi bababa ibihumbi amajana atatu mu gihugu cose nabo bazimanganye uko nyene.

Karori Ndizeye ariwe umwami Ntare wa gatanu, yagandaguwe inyuma y’aho Umwami Mwambutsa wa 4 ariwe se amuvyara, amusavye ku myaka 19 gusa y’amavuka ko yoza i Bujumbura gutegura igaruka rya se. Amaze gushika i Bujumbura, akaba yasanze ibintu bitifashe neza namba, kuko amacakubiri y’ubwoko yari yarenze inkombe.

Amaze gushika i Burundi, Ntare wa Gatanu, yaciye afata ubutegetsi, maze Misheri Micombero nawe aba umushikiranganji wiwe wa mbere, aba asenyuye intwaro ya se, Mwambutsa wa 4. Ariko Karori Ndizeye akaba atorohewe gutwara, kuko yakora ashinganye akajisho na Misheri Micombero, umushikiranganji wiwe wa mbere, ndetse ku Kirimba bazi ko Micombero ahava ajayo, uyo munsi abajejwe umutekano bararikanura, ntibakubita n’urugohe.

Mwomenya ko Ntare wa Gatanu amaze guhunga, Reta ya Micombero yagumye ikora ibishoboka kugira bamufate, ndetse bamwice kuko bibaza ko yoba nawe aticaye, narirya yari agifise nawe abamuyoboka. Umwami Ndizeye Karori amaze gushika mu gihugu c’Ubuganda ku wa 18 Ntwarante umwaka w’1972, Micombero yaciye amurungikira abari bajejwe iperereza mu gihugu, kugire babanze bavugane n’umukuru wa Uganda Amin Dada.

Aho, bivugwa ko umwami yari atanguye kwumva ibicuro kuko harageze aho, ariko arasangira na Amin, akaja amubona atariho ari, ari mu mikebukano n’ abantu bihishije muri iyo nyubakwa umwami yarimwo, abo nabo ntibari abandi, yari Arthémon Simbananiye, yari umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu kuri Micombero, akaba yari yashitse mu gihugu c’Ubuganda kugire bumvikane neza, uko yobashikiriza Umwana w’Umwami Mwambutsa wa 4. Simbananiye rero bivugwa ko yari afiseamasandugu yuzuye amafaranga yo gushimira Amin ku gikorwa ciza bari biteguriye c’uko buca abakorera, mu kubaha Umwami Ntare wa 5 bakaja ku mugandagurira i Burundi.

Muri ico gihe, kuwa 29 Ntwarante, Umuganwa Ndagijimana yaronse itegeko ryo gushira impuzu Umwami aho yari aruhukiye, aho naho mukujayo akaba yategerezwa gufata indege yaja i Entebe, ariko igitangaje, n’uko umuganwa Ndagijimana yajanywe n’umuduga wa gisirikare agaca yicwa inyuma y’masaha 24 gusa, Amin umukuru w’igihugu c’Ubuganda w’ico gihe, yaciye aja kumenyesha Umwami Ntare wa 5 ko Ndagijimana yaroye kuramutsa nyina wiwe ku rubibe rw’ Uburundi, ariko Umwami ntiyigeze avyemera kuko yabonye ko ivyo birimwo amahinyu.

Inyuma y’akanya Amin niko guca atangura amayeri yo guhenda Umwami ari kumwe na Biha, ko bokwurira mu ndege kugira bagende kuraba Ndagijimana, aho yari yabahenze ko ari kuramutsa umuvyeyi wiwe, maze Umwami aca arinjira, ariko inyuma y’amasaha 3 gusa, indege yari ishitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, niho yabona ko ahemukiwe na Amin Dada.

Ku wa 28 Ndamukiza 1972, inama nshikiramganji yarakoranye maze ntiyashika ku gihano cari gitegekanijwe ku Mwami. Bukeye abari bagize Reta barabogojwe. Inyuma y’iminsi 2, niho ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu karere vyamenyesha ko Umwami w’ Uburundi Ntare wa 5, asanzwe ari murumuna w’ Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaraye arashwe mu gihe yariko agerageza gutoroka, kugira aje kuraba ingabo ziwe.

Umwami rero, yoba yakuwe aho yari apfungiwe na Liyetena Karori Nyabenda afashijwe na naba JRR, urwaruka rwa UPRONA.

Muri ico gihe nyene, niho yajanwa kwicwa, ariko aho hose yaguma asaba ko yobonana na Micombero, naho ata nyishu yashobora guhabwa na nyakarwi k’intagondwa bari kumwe n’abasoda. Umwami Ntare wa 5 akaba yapfuye asogoswe imbugita 3, mu nyuma araswa amasasu na Kapitene Onesime Ntabiriho.