Melchiade NZOPFABARUSHE, umukuru w’ishirahamwe ry’imvukira za komine Kabezi intara ya Bujumbura yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yafashwe inyuma y’amajambo yashikirije abanywanyi ba CNDD FDD ku munsi wa kane w’indwi iheze.
Melchiade NZOPFABARUSHE yabwiye abariko baramwumviriza ko ivyo abashikirije ari ubutumwa yarungikanwe, kandi bwatanzwe mu gihugu cose.
Mu masanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi, Melchiade NZOPFABARUSHE yigeze kuba ari umukuru wa Sentare ijejwe kurwanya abarya igiturire yabonetse ari imbere y’abanywanyi ba CNDD FDD ariko abashikiriza ico yise ubutumwa yarungikanwe. Bumwe muri ubwo butumwa, kwari ukugabisha abazotora « OYA » mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije. Melchiade NZOPFABARUSHE yamenyesheje ko mu mugambwe CNDD FDD bamaze kwumvikana ko abo ari ukubata mw’i Tanganyika.
Muri ubwo butumwa, uwo munywanyi akomeye wa CNDD FDD yagize ati : « Hakaba hari umukeba azigisha ibitajanye n’ivyo igihugu kirondera, twebwe ntituri kumwe. Turamukaravye. N’ubwato twarabukoresheje, tuzoshira muri Karonga, tumanurire mw’i Tanganyika bace bigira iyo bashaka. Na kare amafi yari yabuze muri aya mazi yacu. Tuzobashiramwo bigire muri Congo n’amaguru. Mu gihugu cose, mw’ikomine yose. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma. Umugambwe CNDD FDD ni umugambwe upanze mwarabonye ingene vyagenze. »
Ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, niho Melchiade NZOPFABARUSHE yafatwa, atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Mu butumwa bacishije ku muhora wa Twitter, mu mugambwe CNDD FDD bariyamirije ivyashikirijwe n’uwo munywanyi wa CNDD FDD, basaba ubutungane ko bwofata mu minwe ico kibazo.
Nk’uko tubibwirwa na Adolphe HAVYARIMANA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane, bitegekanijwe ko Melchiade NZOPFABARUSHE acibwa urubanza rw’ikibiriraho, mu ntahe y’icese iza gusasa kuri uwu wa mbere, igihe c’isaha zine, mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
NOUS DEVONS LUTTER CONTRE LES MAUVAISES PAROLES ELLES SONT SOURCE DE CONFLITS ET SURTOUT DE PEUR PANIQUE DANS TOUTE SOCIÉTÉ
J’aimeJ’aime