Sentare nkuru ya Bujumbura yakoranye kuri uwu wa mbere mu rubanza rw’ikibiriraho yumviriza imburano z’umushikirizamanza wa Repuburika yitwariye Melchiade NZOPFABARUSHE umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa ko yatanze ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.
Mu rubanza rwamaze amasaha ane mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe ko kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, muri komine ya Kabezi, yashikirije amajambo arimwo ivyo vyaha yagirizwa. Ayo majambo yayashikirije abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bari mu nama uwo Melchiade NZOPFABARUSHE yari yatumiwemwo.
Nk’uko biri mu majwi yumvishijwe abacamanza hamwe n’abari bariko barakurikirana urwo rubanza, Melchiade NZOPFABARUSHE yabwiye abariko baramwumviriza kw’isoko iri ku musozi wa Migera, komine Kabezi ati :
« Hakaba hari umukeba azigisha ibitajanye n’ivyo igihugu kirondera, twebwe ntituri kumwe. Turamukaravye. N’ubwato twarabukoresheje, tuzoshira muri Karonga, tumanurire mw’i Tanganyika bace bigira iyo bashaka. Na kare amafi yari yabuze muri aya mazi yacu. Tuzobashiramwo bigire muri Congo n’amaguru. Mu gihugu cose, mw’ikomine yose. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma. Umugambwe CNDD FDD ni umugambwe upanze mwarabonye ingene vyagenze. »
Imbere y’abacamanza, mu bigo vy’ibohero rikuru rya Mpimba, uwagirizwa ico caha ntiyahakanye ko ariwe yashkirije ayo majambo, ariko amenyesha ko ata ntumbero y’ubugizi bwa nabi canke ubwicanyi yoba yari afise. Yamenyesheje kandi ko ivyo yashikirije atawari yabimutumye, ko hari ku gatwe kiwe.
Umushikirizamanza mukuru yamusabiye kuri ivyo vyaha vyose yagirizwa umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atatu.
Inyuma y’umwiherero yamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare nkuru ya Bujumbura yamuciriye umunyororo w’imyaka itatu.
Umushingwamanza Alexandre NDIKUMANA, aburanira Melchiade NZOPFABARUSHE amenyesha ko atashimye urubanza rwaciriwe uwo aburanira, akavuga ko agiye kwunguruza.