Christine NKOMEZA, umunyarwandakazi yari yirukanwe ku butaka bw’Uburundi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura. Uwo yari yirukanwe mu Burundi yafashwe inyuma y’aho ikiringo yari yahawe giheze akiri ku butaka bw’Uburundi.
Christine NKOMEZA yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, amakuru dufise akaba avuga ko yagirizwa ko akorera (Espion) igihugu c’Urwanda.
Kw’itegekeo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nomero 500 ryo kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018, umunyarwandakazi Christine NKOMEZA yahawe amasaha 48 (iminsi ibiri) kugira ntazobe akibarizwa mu Burundi.
Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko NKOMEZA Christine yahowe amasengesho yahora akoresha mu kinyegero, hamwe n’imigenderanire agirana n’abantu b’abanyamahanga. Iryo tegeko rivuga ko uwo munyarwandakazi yirukanwe mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu n’uw’abanyagihugu.