Umurwi CENI wemeza ko ibikenewe vyose mu matora vyabonetse

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu Burundi « CENI » wemeza ko ibikenewe vyose vyamaze gukwira, kugira amatora y’ukwemera canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ategekanijwe kuwa 17 Rusama ashoboke.

Petero Karaveri NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI (Commission Narionale Electorale Indépendante) amenyesha ko n’ibikoresho vyoba bitaraboneka bitazosivya isango ry’amatora.

« Turiteguye bikwiye, ibikoresho nka vyose vyarabonetse, n’ivyoba bitarashika ntivyobuza ko isango yo mu kwezi kwa Rusama tuyikurikiza. Ibikoresho bikuru bikuru bikenewe bimaze iminsi biduga muri CEPI. »

Mu murwi CENI bamenyesha kandi ko babandanya ibikorwa vy’ukwakira abiyandikisha bakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’igihugu hamwe no ku rwego rw’intara.

Abakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’igihugu, bakirwa ahakorera umurwi w’igihugu CENI i Bujumbura, nayo abakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’intara bakakirwa ahakorera umurwi CEPI ujejwe amatora ku rwego rw’intara.

Mwomenya ko ico gikorwa c’ukwakira abashaka kuzoba abarorerezi kizosozerwa kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.