« Ingingo umunani zofasha guteza imbere akazi ka Reta »

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yashikirije ingingo umunani z’ivyo abona vyokorwa kugira akazi kagwire kandi gatere imbere, abakozi nabo baroranirwe.

Ivyo yasavye kiri mw’ijambo yashikirije ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu yashikirije ati :

• Kwirinda insaku, ibihuha, urwanko n’inzigo ku kazi. Dukore nk’abasangiye
Igihugu, dusenyere ku mugozi umwe. Twame na ntaryo tuja Inama
n’ingingo, twijukire ingendo yo kwuzuzanya, dutegere ko: «Umutwe
umwe utigira inama » kandi ko: « Ibigiye inama bigira Imana».

• Twese tuzirikane igihugu cacu, tubere imboneza nyazo Abarundi benewacu

bataronse amahirwe yo kumenya vyinshi, kumbure bidatewe n’ubwenge buke ariko bivuye ku mahirwe make yo kutaja mu mashure no kutaronka

akazi ngo babonereho kurahura ubuhinga n’ubumenyi.

• Tuje hamwe mu mashirahamwe dutunganye imigambi igwiza akazi, maze

Abarundi twese tuhatorere akoyoko, ikigega c’igihugu naco

kihabombokere.

• Abakoresha nibitwararike abakozi babo n’agateka kabo, babafate

nk’abunganirizi babo, babakingire impanuka z’akazi, bitwararike isuku

ryaho bakorera kandi binjize bose mu mashirahamwe yo gutegekaniriza

kazoza abakozi.

• Zina mukozi wese asabwe kubungabunga ibikoresho vy’akazi n’ibibanza

akazi karangurirwamwo, mwirinde ya ngendo n’imvugo itabereye ngo Reta

ntihomba.

• Tubasavye kwamirira kure ingeso mbi yo gusesagura canke gusahura

itunga rusangi no kurwanya twivuye inyuma urudandazwa rutemewe

n’amategeko. Tubasavye gushengeza uwo wese atibanga itunga rusangi

kuko aba ariko anigira mu menshi ishirahamwe akorera n’iterambere

ry’igihugu.

• Mwubahirize amasaha y’akazi, mu gutonda ku masaha no kudakorera ku

gitsure. Vavanure na ya mvugo yataye igihe ngo: «Akazi k’ibwami kica

uwicaye».

• Abakoresha bokwitwararika kandi gukarihiriza ubwenge abakozi, abo nabo
bagaheza bagasabikanya ubuhinga n’ubumenyi barahuye na bagenzi babo.

Umunsi mpuzamakungu w’abakozi mu Burundi wahimbajwe ku civugo gikurikira : « Dukure amaboko mu mpuzu duteze imbere igihugu cacu »

Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi wakomotse mu myiyerekano y’abakozi bo mu gisagara ca Chicago mu gihe

baharanira agateka kabo gushika mbere aho bamwe muribo bahasiga

ubuzima.