Mutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi bose.

Muri ibi bihe abarundi bimirije amatora y’ibwirizwa shingiro, hariho ibihuha vyinshi mugabo kandi ntihabuze n’imigambi mibisha yohitana ubuzima bw’inzirakarengane

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse ku misi ya gatatu na gatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi. Ubu tuzosenga kugira ngo ubugombe bw’Imana abe aribwo buranguka mugihugu cacu no mubihugu bibanyi.

URUFATIRO

« SHIKAMA USHIRE AMANGA KUKO NDIKUMWE NAWE , NTUTINYE » Niko Uhoraho agize.

IBISOMWA TUZOSHIMIKIRAKO

-Yosuwa 1:5-8

-Yesaya 40:1-2

-1 Samuel 30: 6

-Habakuk 2:3-4

-Heburayo 10: 38-39

-Yakobo 5: 7-8

-2 Ngoma 20:15

INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA

37; 45; 45; 49; 68; 147; 150; 158; 320; 272

IVYO MPWEMU AHISHURA.

-Abantu benshi baba abihanga canke n’abandi bose barajuragirika kubera inyigisho mbi z’abiyitirira amasezerano biyadukiza bagahushagirika bagasobekeranya ukuri n’ibinyoma mw’isezerano Uhoraho yahaye Ihanga ry’Abarundi.

-Abenshi rero kubera ibihe, inzara n’ubukene, imiruho n’ibihuha, kudasenga no kudasiguza Imana (Dawidi we ngo siguza Imana 1 samuel 3:8) Abantu  badehukiwe bava mw’isezerano ( « ariko aragowe uwuva mw’isezerano akifatanya n’abatizera co kimwe nawe ujuragiza abandi wigenera ivyawe wigombeye).

IVYOGUSENGERA (IMITWARO)

– Gusambuza impwemu mbi zose zishira hejuru, zikikakisha maze zitera abizera isezerano kujuragirika.

-Abataye ukwezera, bakava mw’isezerano cokimwe n’abizeye ibintazi kugira ngo Imana ibagirire impuhwe.

-uburinzi no kwambikwa inkomezi kw’abarongozi b’ihanga, abavugabutumwa, abadiyakoni, abaririmvyi n’abavugishwa;

– kuremeshwa kw’abari mubibazo bitandukanye, abagorewe mumabohero.abagwaye, impunzi, impfuvyi n’abapfakazi n’abugarijwe n’inzara n’ubukene bose

IBIMENYESHEJWE

1. Mwibuke kumenyesha abarongozi ivyo mwahawe bivuye mumasengesho.

2. Muzofata amapfungo uko murongowe na Mpwemu w’Uhoraho.

3. Mwibuke gusura no gufasha abagwaye, abapfunzwe, kuremesha impunzi, impfuvyi n’abapfakazi

Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISERANO

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 01/05/2018.

abisezerano.com