
Zaburi37:25 Uhereye nkiri muto,none ndashaje,ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebwe ,canke uruvyaro rwiwe rusegerereza ivyo kurya.
Tuributsa abantu ko Uhoraho atigera ahemuka kwisezerano ryiwe ryo kudutabara, kuko mw’isi turi ingenzi,ntituri iwacu.
Ingenzi iraruha,ikanyoterwa ariko ishitse iwabo iriruhutsa.
Twebwe naho tutari iwacu ariko dufise uwatuneshereje, niwe aturongōra murugendo,araturwanirira,akatuzigama,kandi azi ivyo dukenye vyose,ivyo twifuza vyose hamwe n’ibidukwiye vyose,uwo aratwitayeho.
Umugororotsi azomererwa neza,yamara umunyavyaha azobona ibara kubera ukutumva kwiwe. Uhereye mbere na mbere ntamugororotsi yigeze ahebwa ngo abe intabwa,Dawidi abishingira Intahe kandi natwe turavyizera tukongera tukanavyemeza. Rero ntampamvu n’imwe yokwiganyira no kwiheba. uwu Dawidi yarageragejwe ariko yagiye abona ikiganza c’iyimutabara. Mwibuke ko yabaye mubugaragwa ,akaba imbere y’abansi biwe bagomba kumwica ariko Uhoraho yagiye ahamukura.