Reta y’Uburundi isaba CNC guhagurukira ibimenyeshamakuru bitisunga akarangamutima k’umwuga

Reta y’Uburundi isaba urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ibinyamakuru CNC gukora ico rujejwe kugira rukwirikiranire hafi ibimenyeshamakuru vyose vyaba ivyo mu gihugu canke hanze y’igihugu bikora bidakwirikiza akarangamutima ko kumenyesha amakuru.

Mw’itangazo reta y’Uburundi yashize ahabona kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 ,ibicishije k’umuvigizi akaba n’umunyamabanaga wayo Philippe NZOBONARIBA,imenyeshako iradiyo BBC imaze iminsi idakurikiza akarangamutima ko kumenyesha amakuru,mu guhengamira ku vyiyumviro vyo hagati mu gihugu canke bitangwa n’abari hanze y’igihugu biba bigamije kudurumbanya amahoro n’umutekano w’igihugu.

Philippe NZOBONARIBA amenyesha ko, umumenyeshamakuru wa BBC François Masser wa BBC yahaye ijambo uwukwirikiranwa n’umutahe mpuzamakungu aca ashikiriza amajambo ahamagarira urwanko no gusambura inzego, vyerekana ko badakurikiza akarangamutima ko kumenyesha amakuru.

Uwo muvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta, avuga ko abantu bakwiye kwibuka uruhara ibimenyeshamakuru vyakoze mu kubiba urwanko muri kano karere kandi n’igihugu c’Uburundi cahatswe kurwa mur’uwo mutego mu mwaka wa 2015.

Philippe NZOBONARIBA avuga ko Reta y’Uburundi izobandanya ikora ibishoboka kugira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bibandanya vyubahirizwa, haba kubakorera ibimenyeshamakuru vyaha mu gihugu n’ibinyamakuru vyo hanze y’igihugu kandi ko izofata ingingo kubimenyeshamakuru vyose vyokoresha imvugo ihamagarira urwanko.

Reta y’Uburundi ihamagarira abarundi bose gutekana hamwe no kuzokwitaba ku bwinshi amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.