Umugambwe CNDD FDD wasavye ubutungane ko umunywanyi w’uwo mugambwe Melchiade NZOPFABARUSHE, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuri uwu w’Imana, ko yotanga indishi kuvyo yashikirije kuri uwo mugambwe.
Uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wabishikirije mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho Melchiade NZOPFABARUSHE yariko aburanishwa ikibiriraho, ku vyaha yagirizwa bigizwe n’ugutanga ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.
Muri urwo rubanza, umugambwe CNDD FDD wari warungitse umushingwamanza gusaba indishi ku majambo yashikirijwe na Melchiade NZOPFABARUSHE, arimwo iterabwoba ku batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mushingwamanza, imvugo y’uwo asanzwe atwara imvukira za komine Kabezi yateranije abanywanyi ba CNDD FDD n’abandi batari muri uwo mugambwe, uwo mugambwe ukavuga ko hakenewe indishi z’ukuja aho vyavugiwe, gutekanya imitima. Uwo mushingwamanza yasavye indishi y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.
Inyuma y’umwiherero w’abacamanza wamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare yafashe ingingo ko ivy’iyo ndishi umugambwe CNDD FDD uzobisaba hanyuma, kuko umushingwamanza w’uwo mugambwe atari yaje yitwaje impapuro zikwiye zimuha uburenganzira bw’ukuburana.
Melchade NZOPFABARUSHE yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu.