Abasenyeri ba Ekereziya Gatorika bavuga ko hatari bwagere guhindura ibwirizwa nshingiro

Abasenyeri ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi bavuga ko hatari bwagere ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rihinyanyurwa, kuko hari bamwe mu banyeporitike n’abo mu mashirahamwe atandukanye bakiri mu buhungiro, kandi bari bafise ico boshikiriza kuri iryo hinyanyurwa. Ekereziya Gatorika y’Uburundi imenyesha kandi ko n’abazotora batekewe n’ubwoba bw’ukwerekana ku mugaragaro ico bashaka gutora.

Mu gihe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama 2018 ariho imyiyamamazo y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro yatanguye ku mugaragaro, mw’itangazo Ekereziya Gatorika y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu nyene, ku vyerekeye integuro y’ibwirizwa shingiro n’amatora yayo, bamenyesha ko ico gikorwa gitunganijwe mu gihe ibijanye na demokarasi mu Burundi bitifashe neza kuva mu mwaka w’2015.

Muri iryo tangazo, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi, yashikirije ko biteye impungenge kubona ayo matora atunganijwe hari bamwe mu bakuru b’imigambwe n’amashirahamwe yigenga bakiri mu buhungiro, kandi abo bari hanze y’Uburundi batazoshobora kugira ico bashikirije :

« Kuva muri uwo mwaka w’2015, abatwara na benshi mu ndongozi z’abatavuga rumwe nabo baracanyemwo. Ayo macakubiri yaribonekeje mu migambwe itari mike, harimwo n’uwuri ku butegetsi, mu mashirahamwe no mu nzego z’igihugu. Ukwo kutumvikana ntikwigeze gutorerwa umuti, kuko ibiganiro vyategerezwa kubahuza ntivyakunze vyose, kandi tuzi neza ko kenshi abenegihugu bumvikana canke ntibumvikane biturutse ku ndongozi muri poritike. Kubera uko gucanamwo n’ukutumvikana, abarundi barasanzaye, abatari bake barahunga n’igihugu harimwo na bamwe muri izo ndongozi. »

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE avuga kandi ko ikibazo kitari kuri abo bahunze gusa, kuko n’abari mu gihugu batekewe n’ubwoba.

« Turetse n’ivyo vy’abahunze, ubu abanyagihugu batari bake, naho batabivugira hejuru baratekewe n’ubwoba ku buryo abantu batacubahuka n’uguserura ku mugaragaro ico biyumvira ku gutinya ingaruka mbi. »

Kubwa Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, ubwo bwoba buterwa kenshi na kenshi n’imvugo, igitsure hamwe n’inyifato y’abarundi bamwe bamwe bitwaza igikenye canke ubukuru baba bafise bakarondera kunigira mu menshi umwidegemvyo n’ivyiyumviro vy’abo batavuga rumwe.

« Ivyo vyose biri mu bituma tugira impungenge ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro muri ibi bihe. », uko niko uwo Mwungere wa Diyoseze nkuru ya Muyinga ashikiriza, aho abandanya yibaza namba integuro y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro yarisunze ubumwe n’umwumvikano w’Abarundi :

« Nkako ntaworeka kwibaza niba ibitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro ritugenga mu ngingo ya 299 vyararimbuwe, bikubahirizwa bikwiye. Ahanini muri iyo ngingo baravuga ko ata na rimwe integuro y’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro yemerwa mu gihe ije iteye kubiri n’ubumwe hamwe n’umwumvikano w’abarundi, canke iteye kubiri n’ukunywanisha Abarundi. Uko tubibona, aho kwegeranya abarundi, ico gikorwa n’integuro cashitseko bisa n’ivyongereje ukutumvikana. Ahacu, nk’uko twari tumaze kubishikiriza, iki nticari igihe ciza c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ku buryo rikora ku ntimatima yaryo. »

Ekereziya Gatorika y’Uburundi ivuga ariko ko igisigaye ari uko ayo matora yoba mu mahoro n’umwumvikano, Abarundi bagatora « EGO » canke « OYA » ata gitsure.

Abungere ba Ekreziya Gatorika bahanura Abarundi ko batohahabuka : « Amatora arahera, ubuzima bukabandanya. Uko bizogenda kwose, hatowe EGO hazokurikizwa ibwirizwa shingiro rishasha, hatowe OYA tuzogumya iryo twahorana.

Muri iki gihe Uburundi bwinjiyemwo c’ukwemeza canke uguhakana integuro y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, Ekereziya Gatorika y’Uburundi yibutsa ko igikuru ari ukutsimbataza amahoro n’umwumvikano.

Iryo tangazo rya Ekereziya Gaturika y’Uburundi ryasohotse kuri uwu wa gatatu ryateweko umukono na :

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi

Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Umwepisikopi mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura, akaba n’icegera c’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi

Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Gitega

Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, Umwepisikopi yagenwe kuba Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba n’Umwungere arongoye Diyoseze ya Ngozi kw’izina rya Papa Fransisko

Musenyeri venasi BACINONI, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Bururi

Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Rutana

Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Ruyigi

Musenyeri Georges BIZIMANA, Umwepisikopi-Samurarwa wa Diyoseze ya Bubanza