Ubutumwa bw’Ihanga ry’Imana abisezerano ku barundi bose muri ibi bihe imitima ihagaze, imitwe ishushe kandi ibihuha ari ikirenga.

UBUTUMWA BW’IHANGA RY’IMANA ABISEZERANO KU BARUNDI

Barundi, barundikazi, hanga ry’Imana,

Muri ibi bihe abarundi bitegurira amatora yo guhindura ibwirizwa shingiro, hariho ibihuha vyinshinshi kandi biteteye ubwoba. Hariho n’integuro zitari nziza zo guhitana ubuzima bw’abenegihugu , ivyo vyose bikaba biserukira mu majambo adahumuriza ashikirizwa n’aba na bariya.

Baba abategura gutera amagrenades yo kwica abo bita inkorabara, ibinywamaraso, bakabashirako n’ayandi mabi bashatse mukubita “imbonerakure” bagomba kuvuga yuko ari abahutu canke abashigikiye ubutegetsi buri mugihugu. Baba n’abategura gutoteza, kunyuruza no kwica abagwanya ubutegetsi mukubita ba mujeri bashaka kuvuga abatutsi ahanini canke abagwanya ubutegetsi; abo bose ivyo bategura ni ububisha gusa. Ihanga ry’Imana abisezerano rihamagariye umurundi wese kwigumya, kwumvira umutima bwenge no kugendera ubuntu mukutifatanya n’umubisha uwariwe wese. Ari abo mwita imbonerakure canke ba mujeri, bose ni abana n’uburundi, nta nyagupfa nta nanyagukira. Mugenzi, wame wibuka yuko Imana iri mw’ijuru kandi yuko ibina vyose. Ukorere abandi ico wipfuzako nawe bogukorera. Gutera grenade mu bunywero, ku gituro c’ingenzi, mw’isengero canke mukaguriro naho vyobabaza abari kubutegetsi ntaco bikwungura kuko ntibiguha nyabutegetsi canke ngo bigufashirize uwawe. Ahubwo bigukwegera umuvumo kwica umubanyi, incuti n’ingenzi utazi. Gutoteza, kwangaza, kunyuruza no kwica uwo mudasangiye umugambwe canke ivyiyumviro ntaco bikwungura atari ukwiyambika iceyi no kwikwegera umuvumo. Uwo wica ni umuvandi n’umuryango, ni incuti n’umwana w’uburundi, sigaho. Wirinde gukora ikibi cose naho hariho abakiguharurako nk’ubutwari kandi wame umenya yuko inkota urabishako mugenzi wawe nawe izoguhindukirira.

Nawe wumva hishwe imbonerakure ukaryohegwa, canke bamujeri ugatamba ugatarika ntaho utaniye n’abakora ubwo bwicanyi. Wirinde guhimbarwa n’ibikogwa vy’abanyakibi vyose ahubwo uhimbarigwe ibikogwa vyo kugororoka.

Umuyobozi w’Ihanga ry’Imana Abisezerano ahamagariye uwamenye ibanga ry’isezerano wese kwama akingira kandi asengera abarundi bose bo mubwoko bwose, amadini yose, imigambwe n’imihari yose, intara n’ivyiyumviro vyose kugira ngo aheshe Imana icubahiro mubikogwa vyiwe. Umurundi wese ahamagariwe kwigumya no kurengera agashavu kivyabaye muri kahise mukubumbatira Amahoro aho muherereye. Ni mureke Imana yo yagambiriye gutabara abarundi bose igire ico yikoreye kugira ngo ibashikane mu Burundi bw’Isezerano.

Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO.

Bujumbura 02/05/2018.

Dr. Merlin Dusengumuremyi.