Uko Imana yashimangiye isezerano yagusezeraniye.

Yeremiya 33:19-21 Maz’ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya,rit’uku ni k’Uhoraho agize,ati namba mwoshobora guhindura isezerano ryashinze umurango k’ubaho,n’isezerano ryanje ryashinze ijoro ko ribaho,ng’umurango n’ijoro ntibikuranwe mubihe vyavyo;ni ho n’isezerano ryanje nasezeranye na Dawidi umusavyi wanje ryohindurwa,akabura umwana wokumusubirira ku ngoma,bo n’iryo nasezeranye n’abalewi,abaherezi banje bankorera.

Uhoraho arazi abiwe kandi naho bocishwa mubikomeye,Uhoraho agenda abaramira.

Ushobora kwibaza ngo Imana yarahevye gutabara,bitewe n’ibihe uriko uracamwo ariko ndakubwiye ngo ambara inkomezi wamuhizi we ubandanye urugamba,kuko ivyawe ntibirarangira,wibuke abansi ba Daniyeli bamutaye murwobo rw’intare bari bibaza ngo birarangiye,ariko yasanzeyo iyimutabara,Hallelua.

Ba Shaduraka batawe mumuriro basangayo uwubatabara kandi umwami yari yavuze ko atamana yobakura mumaboko yiwe ariko abapfuye ni abari babateruye ngo babajane mumuriro

Nawe niwitekerereze usenge Imana yawe.

Dusomye amajambo akomeye. Imana yabwiye Yeremiya ko atakizohinduka kuvyo yasezeranye, kuko abantu bari mugihe cokubona umengo ntibigikunda,aha cari, igihe bari mukinyago baguwe nabi babaye ariko Uhoraho yariko abategurira gutaha iwabo ,naho Bo batabona ko vyokunda ko basubira iwabo,ariko kandi vyaruhiye gukunda. Amen

Nawe niwihangane,aho ugorewe umuremyi wawe arakubona kandi inyishu yawe iri mukiganza ciwe, komeza usenge.