
Mu gihe umugambwe CNDD-FDD watanguje ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yo kuwa 17 Rusama 2018, urunani rumwe rw’abigenga rwemerewe kugira imyiyamamazo rwari ku kibuga Muremera co mu ntara ya Ngozi, ahatangurijwe ico gikorwa.
Igikorwa co kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, catangujwe n’urugendo rurerure rw’abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwatanguriye ku bwinjiriro bw’igisagara ca Ngozi, bakaba bagenda bararirimba indirimbo zihamagarira, abarundi gutora OYA, bitwaje n’ivyandiko vyanditseko ngo ‘’TORA OYA ‘’
Mu ntara ya Ngozi, umukuru w’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka RWASA Agathon, niwe yari yateye iteka ivyo birori, ari kumwe n’abashingamateka hamwe n’abandi banyeporitike bahurikiye muri urwo runani nka Yves SAHINGUVU yabaye icegera c’umukuru w’igihugu, Tatien SIBOMANA n’abandi.
Mw’ijambo ryiwe, umushingamateka RWASA Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yavuze ko iryo bwirizwa nshingiro ririmwo utunenge twinshi, dushingiye kuko abari mu mugambwe uri ku butegetsi bararyigunganije ntibarishira ahabona imbere y’igihe, kuko nawe yarironse hasigaye iminsi itatu ngo imyiyamamazo itangure.
Umushigamateka RWASA Agathon yavuze ibwirizwa shingiro rishasha rikumira, kandi yasanze riteye kubiri n’amasezerano y’I Arusha, rikundwakaza bamwe rigakumira abandi, rero ko ari iryo kwiyamiriza, kuko iryahahora atakanenge rifise.
Umushingamateka RWASA Agathon yahamagariye abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, kugenda kubibwira abandi bose, kugira iryo bwirizwa nshingiro ntiryemezwe, aca abasaba kandi kwirinda abobasotora.
Isekeza ryo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ryatanguye kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama, rizorangira kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018.