Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi bose kuzokwumviriza abazoja kubigisha ingene bazotora, yaba abazokwigisha « EGO » canke abazokwigisha « OYA ». Petero NKURUNZIZA asaba Abarundi ariko bazotore ikiri ku mutima.
Mu birori vyabaye kuri uwu wa gatatu, vy’ugutanguza imyiyamamazo y’amatora y’ibwirizwa shingiro mu mugambwe CNDD FDD, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye Abarundi kuzokwumviriza bose.
« Duhamagariye abenegihugu abasavye kwigisha uko mwotora, muzobitabire, mufise umwanya mubitabire, mwumvirize ivyo bababwira, abazobabwira gutora Ego murabumviriza, abazobwira gutora OYA nabo nyene nibaboneka muzobumvirize, ariko akari ku mutima ni mwebwe mukazi. »
Mw’ijambo yashikirije abari bitavye ivyo biro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasubiriye kugabisha uwo wese yorondera guhungabanya ayo matora.
Mw’ijambo yashikirije yagize ari : « Jewe mpagaze ngaha ngomba gutangariza abarundi bose, yaba umurundi canke umunyamahanga yogerageza kwitambika imbere y’aya matora, azohura n’Imana mushobora vyose, Imana yo mw’ijuru niyo cabona. »
Imyiyamamazo y’amatora y’ibwirizwa shingiro yatanguye kuri uwu wa gatatu izohera kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018. Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha nayo ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.