Sahwanya FRODEBU yashize ahabona ivyatumye bazotora « OYA »

Umugambwe Sahwanya FRODEBU umenyesha ko, ibituma muri uwo mugambwe bazotora « OYA », ari ugukingira amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako kugira ntihagire abasubira kwiha inkumbi. Muri Sahwanya FRODEBU bakavuga ko amasezerano ya Arusha yatumye ingwano hamwe no kurabana ay’ingwe bihagarara.

Mw’itangazo umugambwe Sahwanya FRODEBU washize ahabona , umenyesha ko kubera inama nshingamateka yari imaze kwanka incuro 2 ihinduka ry’iryo bwirizwa nshingiro mu mwaka wa 2013 na 2014, biri mu bituma uwo mugambwe wahisemwo kuzotora OYA.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU usigura ko uzotora OYA kuko n’ingingo y’i 116 y’ibwirizwa shingiro rihari uyu musi itasubijwemwo,bikazoha akaryo umukuru w’igihugu yatowe atakwirikiranwa mu gihe yoba yayogeje itunga canke ahohotera abanyagihugu.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU, uvuga ko iyo ngingo yahora iha ububasha inama nshingamteka na nkenguzamateka bwo guhagarika umukuru w ‘igihugu yagiwe n’ivyo vyaha, ariko ubu atariko bizoba biri.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU ubaye uwa kabiri wemeje k’umugaragaro ko uzotora OYA, inyuma y’urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, nabo babishikirije ku mugaragaro, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama, mu ntara ya Ngozi.