Ikiziga c’umwana atamenyekanye catowe mu gatondo ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, ku mutumba Kanyinya, wa komine n’intara ya Kirundo.
Amakuru dukesha ababa ku mutumba Kanyinya, amenyesha ko uwo mwana yoba afise nk’imyaka 14 yatowe asa n’uko yanizwe n’abantu bataramenyekana.
Haba mu bajejwe intwaro canke mu bajejwe umutekano bo muri komine Kirundo, baremeza ayo makuru, ariko bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira uwo mwana amenyekane bamenye n’icamwishe.