Amerika: Ikigo kijejwe igendereza kigiye gutwarwa ubwa mbere n’umugore

Ikigo CIA kijejwe igendereza rya Amerika kigiye gutwarwa ubwa mbere n’umugore

Gina Haspel,inyuma yaho uwahora akirironggoye Mike POMPEO agenywe kuba umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu n’ayandi makungu.

Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC amenyesha ko, Gina Haspel yatowe n’abakenguzamateka 54 abangana 45 nabo ntibamwemeza.

Gina Haspel yahora ari umukozi ari mu bakomeye ba CIA yari azwi cane k’uburyo bwihariye yakoresha mu kubaza uwagirwa mu gihe c’amatohoza akaba kandi yahora atwara ibohero ritazwi aho riherereye hanze y’igihugu ca Amerika bivugwako risinzikariza ubuzima bw’abahafungiwe.

Amwe mu mashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu ashikiriza ko Gina HASPEL yatowe gutwara CIA, ata kandi agiye kubandanya gukora atari gusinzikariza ubuzima bw’abantu