Inyuma y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, igihugu c’Ubudagi gisaba Reta y’Uburundi kubandanya yubahiriza kandi ishira mu ngiro amasezerano ya Arusha nk’inkingi y’amahoro, intwaro rusangi n’umutekano w’Uburundi.
Mw’itangazo umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubudagi n’ayandi makungu yashikirije kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Rusama 2018, amenyesha ko ayo matora yaciye kubiri n’utwigoro tw’ibihugu bibanyi vy’Uburundi, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, mu gutorera inyishu ya poritike ikibazo c’Uburundi.
Iguhugu c’Ubudagi kimenyesha ko kuva hatanguye indyane za poritike mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, mu Burundi harangwa n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Reta, kandi ko abarundi ibihumbi 420, bahunze igihugu.
Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko zimwe mu ngingo zahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro zivuga ibihushane n’ibiri mu masezerano y’amahoro ya Arusha, yatumye intambara zari zimaze imyaka myinshi zihagarara.
Igihugu c’Ubudagi kikavuga ko hamwe ibwirizwa nshingiro rishasha ryemejwe kandi ridashingiye ku vyiyumviro vya bose n’umwumvikano w’impande zose za poritike, bishobora gutuma igihugu gisubira mu ndyane.
Igihugu c’Ubudagi kigahamagarira Reta y’Uburundi kwemera ibiganiro bihagarikiwe n’akarere la Afrika y’Ubuseruko, kandi ishire mu ngiro ibishoboka vyose kugira ivyo biganiro bishike ku nyinshu atawe ikumira kandi ijana muri kazoza.