Karusi : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutabura ikarata y’itora

Sentare nkuru ya Karusi yahanishije umunyororo w’amezi atatu, umugabo yagirizwa gutabura ikarata y’itora imbere y’abaje gutora.

Uwo mugabo yahanywe na sentare Nkuru y’intara ya Karusi, azwi kw’izina rya Nyandwi Salvator, yabikoze mu gihe hariko haba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko uwo mugabo yahanwe hisunzwe ingingo ya 225 igenga igitabu kigenga ivyaha bijanye n’amatora.

Abaye uwugira kane ahawe igihano na sentare, yagirizwa icaha co mu matora, inyuma y’uwahanywe mu gisagara ca Bujumbura na babiri bahanywe mu ntara ya Ruyigi.