“Nzomubarungikira Umwitsa, ni yaza, azohinyuza ab’isi, abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’amateka”

Yesu ahabwe icubahiro n’amashimwe. Shalom!

Igikorwa c’umwitsa.

YOHANA16:7-14 Ariko jewe ndababwira ukuri:Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda,umwitsa ntazoza kuri mwebwe: ariko ni nagenda nzomubarungikira. Uwo ni yaza,azohinyuza ab’isi, abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’amateka;

ivy’icaha, kuko batanyizeye; ivy’ukugororoka,kuko nja kwa Data,kandi namwe muzoba mutakimbona, ivy’amateka kuk’umwami w’iyi si yaciriwekw’iteka.

Nari ngifise vyinshi vyokubabwira,ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. Arik’uwo mpwemu w’ukuri ni yaza,azobarongora abashitse ku kuri kwose,kukw’atazovuga ivyo yigeneye,arikw’ivy’azokwumva vyose nivyo azovuga,kand’azobamenyesha ibigira bize.Uwo azoshimagiza jewe,kuko azokwabira ku vyanje,akabibamenyesha.

Ayo majambo arakomeye cane, ntitwirengagize kuyaha agaciro.

uwo ni nyakwubahwa umwami w’amahoro ariwe mukiza wacu, Yesu Kristo.Yariko aratubwira akamaro ka mpwemu Yera.Igihe yavuga ivyo,mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, Ubu rero mpwemu Yera yaratanzwe,tubonye adufitiye akamaro kadasanzwe, Nico gituma dukwiye kwama tumwumvira kuko ijambo ry’Imana riratubwira ngo ntimukababaze mpwemu Yera mwahawekw’ingwati.

Uwudafise mpwemu Yera ntashobora kumenya amabanga nk’uko iryo jambo ribitubwiye ngo:atwemeza ivy’icaha,aduhishurira ivy’ukugororoka, n’ivy’amateka.

Mbega uri mu bagendeshwa na mpwemu Yera?

Ntibishika ukama uriko uramugambararira?

Canke ntuzi icari co kurongorwa na mpwemu Yera?

ikimpimbara nuko tugifise uwundi mwanya wokwitunganya,niturondere Uhoraho bigishoboka ko tumuronka.

Dusenge:Mana turagushimiye cane ko wama utuzigamira mu nzira ducamwo tuja mw’ijuru,Reka udushoboze kukwubaha kugira ngo mpwemu wawe ntabure ikibanza mu mitima yacu,ni mw’izina rya Yesu Kristo dusenze twizeye, Amen