ONU yagiriza Isiraheli gukoresha inguvu nyinshi ku banye Palestina

Uwurongoye igisata kijejwe ivy’agateka ka zina muntu mu muryango mpuzamakungu, ONU, yavuze ko Isiraheli yakoresheje inguvu zitaringaniye ku banye Palestina biyamiriza iyugurura ry’ubuserukizi bwa Amerika i Yeruzalemu.

Zeid Ra’ad al Hussein yashikirije ayo majambo mu nama ihambaye ya ONU mu gisata c’agateka ka zina muntu, yari yahamagajwe n’ibihugu vy’abarabu inyuma yaho abasirikare ba Isiraheli biciye abantu 58 bari mu myiyerekano.

Uwuserukira Isiraheli muri ako kanama (Aviva Raz Shechter), yavuze ko abasirikare b’igihugu ciwe bagerageje ngo ntihapfe abantu benshi.

Ico gihe bariko bagwanira umupaka ku munsi wa mbere, akaba yagiriza umugwi Hamas wa Palestina gukoresha abanyagihugu nk’inkinzo.