Nzosuka mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose

Yesu ashimwe cane kandi ahabwe icubahiro. Shalom! YOWELI 2:28-29 Hanyuma y’ivyo nzosuka mpwemu wanje ku bari n’umubiri Bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje,n’abatama banyu bazorota inzozi,n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe. Kandi n’abagurano banje b’abahungu n’abakobwa mur’iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje.

Igihe yoweli yavugishwa ivy’umuzo wa Mpwemu Yera,hari Kera,kandi Imana ishimwe ko uwo Mpwemu twamaze kumuhabwa. Abizeye bose baramufise,kuko niwe aturongora munzira.Mbega wewe tuvugana uramufise?

Tugiye kuraba inyungu zumuntu afise Mpwemu Yera

uwufise Mpwemu Yera yitwa umwana w’Imana kuko aba yaramaze kuba icaremwe gisha kuva agitangura Kwizera Kristo.(YOHANA 1:12)

Uwufise Mpwemu Yera ahabwa ububasha n’ubushobozi vyo kunesha satani,icaha n’impwemu mbi.(LUKA10:19)

Uwufise Mpwemu Yera aronka ingabire ziwe zivuye ku Mana.(1AB’I KORINTO 12:1-31)

Uwufise Mpwemu Yera yama ihishurirwa amabanga kandi akagendeshwa nawe mu nzira.(YOHANA16:8-11)

Uwufise Mpwemu Yera ahabwa inkomezi zo kwihanganira ibimugerageza,kandi yihutira kugira imbabazi [Stefano yicishwa amabuye] (IVYAKOZWE N’INTUMWA 7:55-60)

Turabe akamaro k’umuntu afise Mpemu Yera.

Umuntu afise Mpwemu Yera muri we yama ivyamwa vya Mpwemu Yera, arasosa, kuko aba ari icaremwe gisha kandi gihinguye, ntarangwa n’ishavu,inzigo,ubwibone,ukwishira hejuru,ukwikakisha,ukutababarira,ubuhemu,ukudahanurwa,… ariko arangwa n’ivyamwa vyose vya Mpwemu Yera: ni urukundo,umunezero,amahoro,ukwihangana,kugira neza,ingeso nziza,kuba umwizigirwa,uburwaneza,ukwirinda.(AB’I GALATIYA 5:22-24) kandi uwo muntu yama yambaye ibirwanishwa vyose vy’umukristo.(ABANYEFESO 6:14-18)navyo ni: ukuri,ukugororoka,ubutumwa bwiza,ukwizera,agakiza,ijambo ry’Imana,ugusenga.

Ivyo vyose niwaba ubikwije uzohimbara Uhoraho n’abantu,Murakoze.