Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rumenyesha ko rutemera ibiharuro vyashikirijwe ko vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Urwo Runani rusaba umurwi CENI gukora ataho uhengamiye, ugire kandi impfagusa ibiharuro bizova mu matora, mu gutunganya bushasha amatora yisunze itegeko rigenga amatora mu Burundi.
Mw’itangazo ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ryateweko umukono n’umukuru warwo umushingamateka RWASA Agathon, urwo runani rumenyesha ko kuva umukuru w’igihugu amenyesheje amenyesheje ko hagiye kuba amatora, kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2017, urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwaciye rutangura gutera ubwoba abanyagihugu, rubategeka mbere gutora Ego mu matora.
Muri iryo tangazo, urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rumenyesha ko mu gihe mu matora yo kwemeza canke guhana ibwirizwa nshingiro abantu bafise uburenganzira bwo gutora Ego canke Oya, rwatangajwe n’uko abanywanyi barwo n’abarongozi bahagaritswe hadakurikijwe amategeko bakanapfungwa kubera gusa urwikekwe ko bazotora Oya mu matora, ivyo navyo bikaba bitandukanye n’amategeko mpuzamakungu agenga amatora aranga intwaro rusangi.
Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwibutsa ko, nk’uko biri mw’itangazo ry’abashingamateka batowe muri urwo Runani ryo kuwa 16 Rusama 2018, imyiyamamazo yaranzwe n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu, mu guhagarika no gupfungwa abanywanyi,kandi bariko bakora ivyo barekurirwa n’amategeko.
Iryo tangazo ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rimenyesha kandi ko abanywanyi barwo babujijwe kwitaba imyiyamamazo, barungikirwa ubutumwa bw’iterabwoba, abandi bagahatwa kuja mu myiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko womenga bose bategerezwa kuja mu mugambwe CNDD-FDD, bamwe mbere barakubitwa gushika naho hari uwitavye Imana muri komine Ntega, intara ya Kirundo.
’’Amatora yaranzwe n’ikumirwa ry’abanywanyi bacu bari kuyakurikirana’’
Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rumenyesha ko kuva buca amatora aba, abanywanyi babo batewe ubwoba mu masaha y’ijoro, gushika naho babatera ubwoba bakababwira ko bategerezwa gutora Ego.
Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, muri iryo tangazo, rumenyesha ko ibintu vyagiye kwunyuka ku munsi w’itora, ho abari barungitswe guhagararira urwo runani batoroherejwe na gato, kuko bamwe bahagaritswe abandi babuzwe kwegera ahabera amatora, gushika naho hari abapfunzwe.
Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rugasaba ubutegetsi kurekura vyihuta kandi ata gisabwe abanywanyi barwo, bahagaritswe bongera bapfungwa ku karenganyo mu gihe c’amatora.
Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rusaba abarundi bose muri rusangi n’abanywanyi barwo vy’umwihariko, gutekana no kuguma bafatanye mu nda, rukemeza kandi ko ruzoguma rutanga ivyemeza vy’utunenge twose twibonekeje mu matora.