
Bene Data mwese ndabahaye kaze muri aya majambo meza dusanga 2 Abami 7:3, Kandi har’abantu bane b’abanyamibembe kw’irembo ry’igisagara;baravugana bati n’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?
Iki car’igihe kigoye ku bisirayeli bose,aho inzara yari ibugarije,aba ba nyamibembe nabo bari basanzwe barakuwe mu bantu(barirukanywe canke baraciwe)kubw’ubumuga cank’ubugwayi bwabo!ariko kuko Imana Itameze nk’abantu,abo nyene bakuwe mu bandi kubw’umubembe ariwo uyu musi tugereranya n’ivyaha canke ububi,abo nyene kubw’ukwirimbura kwabo,kubw’ukwimenya n’ukwatura vyatumye Imana Ikoresha abonyene,bituma intambuko zabo naho bagenda banyogomba kubw’iyo mibembe yabo,abasiriya bobo bumva uguhinda kw’imikogote,uko babegereza niko ingabo z’abasiriya zabahunga zigenda zicanako,bagenda baratagaguza ubutunzi bwabo.(2Abami 7:6-8)
Mwene Data dusangiye aya majambo,Mpwemu Yera arahamagara ngo ngwino,birashoboka ko uri umunyamibembe,watawe,wahebwe,ariko kandi menya neza ko ari wewe nyene Imana Igiye gukoresha mu gutwara inkuru nziza mu b’iwanyu,Imana Ibahezagire cane