Cibitoke : Umugabo umwe yishwe n’abantu bataramenyekana

Umugabo azwi kw’izina rya Pierre BANGIRINAMA yarishwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kur’uno w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018, ku mutumba Nyamakarabo, komine Mugina, intara ya Cibitoke.

Amakuru ava aho mu Cibitoke, amenyesha ko Pierre BANGIRIMANA yishwe atemagujwe umupanga n’abantu bataramenyekana.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko uwo mugabo ashobora kuba yishwe yagirizwa uburozi, kuko hari urwandiko rutagira umukono rwaheruka kuboneka rumenyesha ko we n’umuryango wiwe bazokwicwa.

Abajejwe umutekano aho mu Cibitoke, bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.