Ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’ubuhinga n’imyuga, bumenyesha ko abanyeshuri 9925 aribo bazokora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji ,Leopold HAVYARIMANA , amenyesha ko ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi 2018.
Mu gihe kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Rusama 2018 ariho hatangura igikorwa co gutora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, Leopold HAVYARIMANA yavuze kandi ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, kandi ko ivyigwa bitandatu arivyo abanyeshure bazokora.
Umunyamabanga ntayegayezwa, Leopold HAVYARIMANA, yamenyesheje ko ivyo vyigwa, ari igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo.
Leopold HAVYARIMANA ahamagarira abanyeshure kugumiza umutima mu nda, bakaguma bitegurira ikibazo, kizotorwa ku rutonde rw’ivyigwa bize.