Ihuriro ry’amashirahamwe yishinze guteza imbere iterambere ridakumira CODIP rimenyesha ko ryarungitse abarihagararira mu gihugu cose, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Rigasaba abanyeporitike kwubaha ibizova mu matora.
Mw’itangazo ishirahamwe CODIP ryashize ahabona kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018, rimenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, yabaye mu muco kandi mu mutekano.
Ishirahamwe CODIP rirakeza abanyagihugu bitavye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, berekana ubwigenge bw’igihugu, berekana kandi ko inzira yo nyene yo guhindura ibintu mu gihugu ari inzira y’amatora.
Naho hari utunenge twabonetse, nk’aho bamwe mu bari bagize ibiro vy’itora bacerewe, ishirahamwe CODIP rirashimira imigambwe yitavye amatora naho uburyo bwo gukoresha butari bwinshi.
Muri iryo tangazo, ishirahamwe CODIP rirangiza rishimira abarorerezi biatnze gushika mu gihugu cose, rikabasaba gushikiriza ivyo babonye badahengamye.