Patiri Ildephonse SABOKWIGINA wo muri paruwasi Mbogora, yo muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro yaraye arashwe mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018 n’umuntu ataramenyekana.
Amakuru ava mu bihebeye Imana aho mu Mbogora, amenyesha ko uwarashe Patiri
Ildephonse SABOKWIGURA yaciye mu muryango w’inyuma yinjira afise inkoho agomba kwica patiri mukuru, patiri abibonye bararwanira inkoho mugabo amurasa kukuguru no mu mugongo.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko abaporisi bamaze kwumva urwamo rw’amasase baciye banyaruka gutaba, ariko ntibashobora gufata uwo mugizi wa nabi, umwe mubaporisi akaba ariwe yajanye patiri kwa muganga, mu bitaro vyo mu Kibumbu, akoresheje imodoka ya paruwase.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Dismas MANIRAKIZA avuga ko ayo makuru yayumvise uko, akirondera abari mu ntara ya Mwaro kugira amenye neza uko vyifashe.