Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako.

Yesu Kristo umwami n’umukiza wacu ashimwe cane! SHALOM!

ZABURI 119:9-11 Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ukw’ijambo ryawe rivuga. Nakurondeje umutima wanje wose; ntukunde ko mpusha ngo mve mu mabwirizwa yawe. Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako.

Ndanezerewe kuko Uhoraho aduhaye indwi nshasha y’amahoro n’umugisha, azoturwanirira,atuzigame, adutambukishe. Natwe ico dusabwa ni ukumuhanga amaso muri vyose nahose.

Ubeho ubuzima bwo kwezwa, kugira ngo witondere inzira yawe.
wirinde icaha, usenge ubudasiba, hama ureke Uhoraho akurongore.
wongere ufashanye nanje tubwire Imana ngo ntukunde ko mpusha ngo mve mumabwirizwa yawe. Iryo niryo sengesho ryacu.

Akira icubahiro mwami Mana,
Akira amashimwe mwami Mana
upfukamirwe,utazirwe,uhimbazwe
uduhagarike kugitandara cawe,
utugirere Ubuntu n’imbabazi
udushoboze kuguhimbara
iryo niryo sengesho ryanje.

Ducebugufi Dusenge: Mana nyeningabo hembura umurimo wawe muri iyi misi yiherezo aho abantu batakigomba kwumva ijambo ryawe,utuzigamire mugakiza imbabazi zawe zidusange uduhe guhimbara umutima wawe,ni mw’izina rya Yesu dusenze twizeye, Amen.