Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka RWASA Agathon, amenyesha ko ata caha na kimwe yakoze mu kuvuga Oya kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro, kuko vyemewe kandi bitegekanijwe n’amategeko.
Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko ata caha na kimwe yagira, mu kuba yarerekanye aho ahagaze kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.
Umushingamateka RWASA Agathon avuga ko abasaba ko apfungwa ari iterabwoba bariko baragira, kandi ko ataho rishingiye, ata nico rivuze, ahubwo mbere bisa n’ukwimaramaza.
Muri ico kiganiro, umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, avuga ko ibiriko biba mu Burundi biteye isoni n’agahinda, kuko bitumvikana igituma hoba abahagarikwa bagirizwa gutora Oya canke kuja mu myiyamamazo yo kwigisha gutora Oya.
Umushingamateka RWASA Agathon, avuga ko ata murundi akwiye guhanwa kubera yatoye Oya, canke akurikiranwe kubera ivyiyumviro vyiwe, mu gihe twemera ko igihugu kiri mu ntwaro rusangi.
Mwomenya ko, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yamaze kumenyesha ko mu Runani arongoye batazokwemera ibizova mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kuko yaranzwe n’utunenge.
Mu mugambwe FNL urongowe na Yakobo BIRIMANA, hamwe no mu mugambwe UPRONA bobo baramaze kwemera ivyavuye mu matora, bakavuga ko ayo matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yagenze neza mu gihugu cose.