Umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye umenyeshako ushima ibikorwa vy’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro uko vyagenze. Uwo mugambwe umenyesha ko, yaheze ata munyeporitike n’umwe yerekanye canke ashize ahabona utunenge twoba twarayaranze.
Mu rwandiko umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri washize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018,umukuru w’uwo mugambwe Keffa NIBIZI amenyesha ko utugorane tumwe tumwe twagiye twibonekeza mu gihe c’amatora twagiye dutorerwa umuti ushimishije muri ako kanya nyene.
Keffa NIBIZI arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko bimwe mu vyabatangaje ari uko hari abanyeporitike bamwe bamwe bafise intumbero zabo bamaze kwumva ibiharuro vy’amatora vyo mu makomine n’intara bimaze kumenyeshwa, basavye ko ayo matora yogirwa impfagusa kugira hatunganywe ayandi matora.
Muri urwo rwandiko umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri asaba abarundi bose hamwe n’abanyeporitike gufatana mu nda hamwe no kwubahiriza ivyavuye mu matora .