Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI washize ahabona ibiharuri vy’ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kuwa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018. Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, yavuze ko mu gihugu cose, Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana.
Mw’ijambo yashikirije kur’uno wa mbere, igenekerezo rya 21 Rusama 2018, imbere y’uko atangaza k’umugaragaro ivyavuye mu matora, umukuru w’umurwi CENI,Pierre Claver NDAYICARIYE, yavuze ko igenekerezo rya 17 Rusama 2018, wabaye umunsi w’intwaro rusangi kandi werekanye ubutandukane bw’abari muri poritike y’Uburundi.
Pierre Claver NDAYICARIYE amatora yabaye mu mahoro no mu mutekano, kandi ko amatora yabaye ari amatora y’igihugu kandi yugururiwe abarundi baba mu gihugu n’ababa hanze.
Umukuru w’umurwi CENI yavuze ko mu gihugu hose abantu 4 768 142 aribo biyandikishije kugira bazokwitabe amatora, havyemwo abafise imyaka 16 na 17, bafise uburenganzira bwo gutora mu mwaka wa 2020.
Pierre Claver NDAYICARIYE yahavuye amenyesha uko amatora yagenze ku ntara ku ntara :
Bubanza : Ego : 80,74% , Oya : 12,51%
Bujumbura : Ego : 75,75% , Oya:17,43
Bururi : Ego:52, 13% , Oya : 33,21%
Cankuzo : Ego :70,23, Oya : 20,28
Cibitoke : Ego :80,16, Oya : 13,85
Gitega :Ego :71,37, Oya :21,94
Karusi : Ego : 83,56%, Oya : 9,57%
Kayanza : 81,86, Oya :11,80
Kirundo :Ego : 83,01% , Oya : 11,20 %
Mairie : Ego : 53,10 % , Oya : 44,01%
Makamba : Ego : 66,03%, Oya:25,08%
Muramvya :Ego : 77,91% , Oya : 15,36%
Muyinga :Ego :81,55, Oya :10,92%
Mwaro :Ego : 61,72% , Oya : 27,80%
Ngozi : Ego:82,68%, Oya : 10,89%
Rumonge :Ego : 69,01% , Oya : 22,05%
Rutana :Ego :62,13%, Oya :22,36%
Ruyigi :Ego:73,38%,Oya :17,04%
Ku biharuro vyo mu buserukizi bw’Uburundi mu bindi bihugu, Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, yamenyesheje ko hakiri ibiharuro barindiriye, ariko ataco bizoza guhindura ku vyavuye mu matora kuko ari igiharuro gito.
Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko ivyo biharuro bica birungikirwa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira irabe ko arivyo, iyo nayo ikazoca ibishira ahabo inyuma y’iminsi icenda, kuva bavyakiriye.