’’Ivyavuye mu matora ntituvyemera kuko birimwo amakosa menshi’’-Evariste NGAYIMPENDA

Inyuma y’aho umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI utangarije ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Evariste NGAYIMMPENDA, icegera c’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, amenyesha ko ivyavuye mu matora batavyemeye, kuko birimwo amakosa menshi, kandi ko bagiye kwitura ubutungane.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, Evariste NGAYIMPENDA yamenyesheje ko amatora yagenze nabi kuko yaranzwe n’utunenge gushika n’aho havuka Urunani rutazwi.

Ati : Igikorwa c’amatora cagenze nabi, hari abagiye barahohoterwa abandi barapfungwa gushika naho bagira Amizero atazwi. Hari abarorerezi babujijwe gushika aho amatora abera, hari abatewe ubwoba buca baja gutora gushika aho batagenda, hari abasohowe hageze guharura ivyavuye mu matora.

Evariste NGAYIMPENDA avuga ko yatangajwe n’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI, aho yemeje ko amatora yagenze neza, kandi mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi baramwandikiye bamubwira ko hari ibitagenze neza.

Icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko bari basohoye itangazo bavuga ko mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi badashobora kwemera ibizova mu matora kuko birimwo amahinyu menshi cane.

Evariste NGAYIMPENDA avuga ko naho batiteze gutunganirizwa, igikurikira ari uko bagiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.