Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro atabaye mu muco

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yaranzwe no kutabamwo umuco, ihagarikwa ry’amaradiyo hamwe n’uguhata abatora.

Mw’itangazo umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Heather Nauert, yashize ahabona, amenyesha ko Reta yaretse abatavuga rumwe nayo baragira imyiyamamazo ariko yaranzwe n’ikubagurwa, iterabwoba, gushika naho amatora aba ata barorerezi bigenga bahari.

Muri iryo tangazo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zirajwe ishinga n’ingene ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rizoshirwa mu ngiro, zikibutsa kandi umugambwe CNDD-FDD ivyo wiyemeje i Pretoriya mu gihugu ca Afrika y’Epfo vyo kwubahiriza amasezerano ya Arusha.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zimenyesha kandi ko zibabajwe n’ihagarikwa ry’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, ihagarikwa n’ibihano bikomeye bihabwa abaharanira agateka ka zina muntu, vyerekana ukugabanya urubuga rwa poritike n’ikibano mu Burundi.

Mu kurangiza, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zishigikiye abarundi, kandi zizeye ko bafise kazoza aho ubutunzi buzokwiyongera, hakaboneka umutekano n’ubwigenge.