Yesu Kristo ahabwe amashimwe n’icubahiro. Shalom!
IMIGANI 4:6-8 Ubwenge ntukabute nabwo buzokuzigama, bukunde,buzokurinda. Ikiri imbere ya vyose n’ubwenge: nuko wironkere ubwenge;
Mbere ivy’ufise vyose ubihebere ugutahura.
Bushire hejuru nabwo buzogukuza: Buzoguhesha icubahiro niwabugumbira.
ayo majambo atwereka ingene umuvyeyi yariko ahanura umwana wiwe, nkuko tubizi kwubaha Uhoraho nibwo bwenge, kuva muvyaha nikwo gutahura (Yobu28:28).
Tureke ubugunge,ukwikakisha,ariko tugire ubwenge,kuko ab’isi badashobora gutahura ubwo bwenge uretse abafise ibanga ry’Uhoraho.
uwo muvyeyi atubere akarorero keza,kuko akunda umwana wiwe kandi aramwitayeho mukumuhanura.
none nawe muvyeyi,abana bawe urakunda kubigisha ijambo ry’Imana,kubahanura,nokubasengera?
abana bawe, niwewe mwigisha wambere bafise.Nimubwire abana banyu amajambo y’Imana uhereye bakiri bato kuko bizobafasha kwubaha Imana. Ushobora kuvuga ati ndamutwara mu miga y’abana buri wamungu, ego ivyo nivyiza ariko nawe fata umwanya ukunde kwigisha Abana bawe, Niho bazokura bakunda Yesu kandi bashimira numuvyeyi ukuntu yabitwararitse mukugaburira mumpwemu no mu mubiri.
Dusenge: Mwami mwiza turagushimiye kubw’aya majambo none rero uduhe kukwubaha no kwitondera ijambo ryawe, ugenderere ingo zose zabakwubaha,ubahe kurerera ibibondo vyabo mugakiza Atari ukubamira ivyamwa bibi,ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.