*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi yo kuwa 23/05/ na 26/05/2018*
Nkuko Uhoraho Imana ya dutegetse ku misi ya gatatu ni ya gatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’abarundi.
*URUFATIRO*
« ABAHORA BATINYA IMANA Z’ABANYAMAHANGA NI BAHUMURE KUKO DATA ARATABAYE. »
Ibisomwa:
– Yesaya 46:1-13
– Yesaya 40:1-2
– 2Samuel 5:17-25
*INDIRIMBO*
158; 172; 210; 248, 272; na 49
*IVYO MPWEMU AHISHURA*
– Abantu benshi mwiyi misi bariko batinyana; bagatinya abapfumu; abarozi; imana z’inyamahanga; bagatinya abavuga imana zitarizo; ugasanga ubwoba bwuzuye abantu atampanvu.
Ugikora ano masengesho ; wunve ko ataco gukanga kiretse Imana ya Abraham na Isaka na Yakobo imwe yarema ijuru n’isi; kuko ivyo bishushanyo bigiye gukugwaho vuba.
– Umufiristiya yaraguhagurukiye Yesu araje kumugukurako. (Ishobora kuba ari inzara; ubukene; indwara; akarenganyo; agahahazo , ubwoba……)2Samuel 5:25.kandi ngo remeshwa na Yesaya 40 :1-2 arakuremesha.
*IVYOGUSENGERA*
Abugarijwe n’ubwoba; n’inzara; no kubura aho bakika umusaya; n’amarira n’amaganya ; abapfunzwe; abari mu gahinga la nyaganande, impunzi, abapfakazi, impfuvyi, abana bo mwibarabara, abageze muza bukuru n’iyindi mitwaro yaho muherereye.
-abarongozi b’Ihanga, abasenzi; abavugishwa; abaririmvyi n’abandi bose bitangira umurimo w’Imana.
Ni dusangwe Imana- Uburundi n’isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 22/05/2018
Htt//:www.abisezerano .com