Bururi : Umutama w’imyaka 65 yishwe n’umuhungu wiwe

Umutama w’imyaka 65 yarishwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya Gilbert MBONYINGINGO mw’ijoro ry o kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018.

Uwo mutama yishwe n’umuhungu wiwe, azwi kw’izina yahora aba ku gacimbiri Rukoma, umutumba Taba, komine Songa, intara ya Bururi.

Amakuru ava mu babanyi b’uwo mutama, amenyesha ko Gilbert MBONYINGINGO, yishe se wiwe amuhora ko yamurengereye mw’itongo, aho yari asanzwe arima.

Haba mu bajejwe intwaro canke mu bajejwe umutekano mu ntara ya Bururi, bavuga ko bakiriko barakora amatohoza, imbere y’uko bagira ico bashikirije.