Ikibazo co kwinjira muri ISCAM kizokorwa kw’igenekerezo rya 26 Rusama

Abiyandikishije kugira binjire mw’ishure kaminuza ry’intwazangabo ISCAM bazokora ibibazo bibaha uburengazira bwo kwinjira muriryo shure kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2018.

Amakuru dukesha urubuga rwa twitteur rw’umuyobozi w’ishure kaminuza ISCAM amenyesha ko ibibazo bizokorwa arivy’ibiharuro,igifaransa hamwe n’icongereza.

Bitegekanijwe ko ivyo bibazo bizokorerwa ku mirwa mikuru y’intara kuva igihe c’isaha imwe yo mu gitondo.