Yesu Kristo ashimwe cane muri vyose na hose. Shalom!
MATAYO 18:15-17 Mugenzawe ni yakugirira nabi,ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira,uzoba wigaruriye mugenzawe. Ariko n’atakwumvira,ujane umwe canke babiri, kugira ngw’ijambo ryose rize riringanizwe,bivuye mukanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu. N’atabumvira ubwire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.
ndanezerewe ko irijambo ryongeye kukugerako ukiri mumwuka w’abazima. Mur,iyi misi turimwo y’iherezo abantu bagomba kwigenza uko bagomba,umuntu ukamengo yokora ivyo ishavu rimubwiye. Abantu benshi barananirwa no gutanga imbabazi canke kuzisaba.
Vy’ukuri nitutaba dushoboye gusaba imbabazi uwotwacumuyeko canke ngo tugirire imbabazi uwuzidusavye,mbere n’uwutazidusavye kuko bose barazibereye ,kugira ngo twebwe twikiranukire hama tubandanye urugendo ruja mw’ijuru amahoro, tuzoba turiko tuja he?
Murugendo ruja mw’ijuru ntitwemererwa kuvuga ngo Raba nawe ivyo yangiriye,ngo sinzomubabarira, huuuhhh , bakristo erega niwibukeko ari satani yariko agomba kuguta muvyaha rero niwibambure wumve wotanga imbabazi kuri bose utitaye kuvyo bagukoreye vyose.
Gusaba imbabazi ni ukwikiranura na mwene so kandi ni ikimenyetso co guca bugufi. Benshi birabagora gushikira mwenedata wundi ngwamusabe imbabazi akemera akigumiza mubibi kubwo gutinya gusaba imbabazi,ntibisigura ko uzoca ugayika niwasaba umuntu imbabazi,ahubwo uzoba wibohoye imigozi ya satani.Igihe vyagushikiye ugacumura kuri mwene so ntureke kumusaba imbabazi kugira ngo ubeho wejejwe. Naho yoba umwana wawe,umugore wawe,umukozi wawe,… Igihe umusavye imbabazi aca akubonamwo ubwizigirwa,imibabaro yose wamuteye akayibagira.
Twibukeko urugendo rwacu ruja mw’ijuru satani arurwanya cane,nico gituma aturwanya muburyo butandukanye,rimwe narimwe ugasanga hariho ibitugerageza bigomba kurengera uko umuntu yobitahura,ariko iconemerera umusoda nyamusoda, naho intambara yoshuha gute avuga ngo sindekura ikirwanishwa gushitsa umwansi ndamwivunye,
hama jewe nawewe hamwe nogusenga birakunda ko tunesha intambara zose.Hariho abahizi batubereye akarorero kokurabirako,kandi bo barangije amahoro,nta mpamvu yotuma natwe tuneshwa.
DUSENGE. Mana Data Wa twese turagushimiye kubw’aya majambo yawe,reka agirire akamaro abahejeje kuyabwirwa,wongere ubahe gucabugufi haba mugusaba imbabazi canke mukuzitanga,ubahe gukiranuka kuri kanini nokuri gato,ikiganiro cacu ukizigame. Ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.