Ubushikiranganji bw’amagara ya bantu mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bwamenyesheje ko abantu bamaze guhitanwa n’ingwara Ebola biyongereye bashika kuri 27.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018,ryamenyeshako abantu 51 aribo bamaze gukekwa kuba bafise iyo ngwara kuva ico kiza kitangajwe mu ntango za Rusama,28 nabo vyagaragaye ko bayigwaye,21 bikaba bitaremezwa canke ngo bihakanwe ko bafise iyo ngwara mu gihe abandi 2 nabo bikekwa gusa.
Ivyo vyashikirijwe inyuma yaho hari umuntu yitavye Imana, mu gace ka Wangata ko muri Mbandaka, ibipimo bikaba vyaremeje ko yapfuye agwaye Ebola.
Ibimenyetso biranga umuntu arwaye Ebola n’ukugira ubushuhe burenze, gucika intege, kubabara mu ngingo no mutwe hamwe no mu muhogo,ivyo bimenyetso bishobora kwibonekeza inyuma y’imisi 2 gushika kuri 21 umuntu amaze kwandura.
A reblogué ceci sur Peuples Observateurs Avant Garde Togolaise et Africaine.
J’aimeAimé par 1 personne